Abarenga 100 bishwe n'aba Taliban muri Pakistan

Peshawar Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Irro shure ryigako abana bashika amajana atanu

Abantu 132 , cane cane b'abana, bishwe mu gitero c'aba Taliban kw'ishure ritegekwa n'igisirikare mu gisagara ca Pakistan ca Peshawar, nk'uko abategetsi babivuga.

Abategetsi bavuga ko abagwanyi batanu cane batandatu bambaye imyambaro isa binjiye muri iryo shure.

Amasasu n'ibintu biturika vyumvikanye ubwo abajejwe umutekano bakikuza ako karere.

Igisirikare kivuga ko benshi mu banyeshure 500 b'iryo shure bavanyweyo.

Ntibizwi neza abasigaye bagizwe imbohe ingene bangana.

Umuvugizi w'aba Taliban yavuze ko ico gitero ari ico kwishura ku bitero vya gisirikare.

Aba Taliban amajana vyibazwa ko bapfuye mu bitero vya gisirikare biherutse kuba mu ntara za Waziristan y'uburaruko na Khyber vyegeranye.

Umukozi wo kw'ishure n'umunyeshure bavugishijwe na television Geo bavuze ko abateye binjiye mw'ishure rimwe aho umugwi w'abasirikare wariko urigisha abanyeshure ibikorwa vya mbere umuntu agirira ugiza isanganya.

Benshi mu bapfuye bivugwa ko bahitanywe n'igisasu c'umwiyahuzi.