Pakistan irashingura abahitanywe n'igitero ca Taliban

Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Gusabira no gushingura abahitanywe n'igitero vyatanguye ku wa kabiri birabandanya ku wa gatatu

Igisagara ca Peshawar muri Pakistan ciriwe kirashingura abaco inyuma y'igitero c'aba Taliban kw'ishure ku wa kabiri cahitanye abana n'abakozi 132

Amasanamu mashasha yo muri iryo shure arerekana ubunyamaswa bw'ico gitero, ubonye ibidengenri vy'amaraso n'ibitoboro mu mpome vy'aho urubura rw' amasasu rwaciye.

Hariwe haraba ibisabisho vyo gusezera n'ibiteramo vyo gusengera abahitanywe n'ubwo bwicanyi.

Abantu bitwaje inkoho binjiye mw'ishure barasa abanyeshure mu gitero ca mbere c'aba taliban cahitanye abantu benshi muri Pakistan.

Ministre wa mbere Nawaz Sharif yashinze ikiringo c'ikigandaro c'iminsi itatu kubera ubwo bwicanyi bwashegeshe igihugu cose.

Yanatangaje kandi ko harangiye ikiringo c'ubangira ku gihano co gupfa ku baba bagirijwe iterabwoba, abanyamakauru bakaba bavuga ko ari uburyo bwo kuzibira ivyibazwa muri Pakistan ko abagirizwa iterabwoba amaherezo bahava bagatoroka.

Abategetsi irya n'ino kw'isi nabo nyene bashegeshwe n'ico gitero, mbere cananeguwe n'aba Taliban bo muri Afganistan.

Aba Taliban bo muri Pakistan bavuga ko bakigize kugira bihore ibitero vy'abasirikare bagize igihe bagabwako mu buraruko bw'ico gihugu.