Putin agerageza kwerekana ko ata bwoba ku butunzi

Vladmir Putin Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Prezida w'Uburisiya Vladmir Putin

Prezida Putin w'Uburusiya yagerageje kuvanaho ubwoba ku butunzi bw'igihugu ciwe, ashimika mu kuvuga ko ikoroka ridasanzwe ry'ifaranga rouble rigiye guhagarara.

Avugana n'abamenyeshamakuru mu kiganiro co kurangiza umwaka camaze amasha arenga atatu, yataye umwikomo ''ku mvo zo hanze'' zatumye iryo faranga rishika ku rugero rwa mbere rwo hasi muri kahise karyo.

Ariko yemeye ko banki nkuru y'Uburusiya yari gushobora kuba hari ico yakoze hakiri kare.

Uburusiya buri hafi y'idindira ry'ubutunzi kubera ikoroka ry'ibiciro vy'ibitoro n'ibihano bwafataiwe kubera uruhara rwabwo muri Ukraine.

Prezida Putin yemeye ko Uburusiya bwananiwe no kugwiza inzira z'ubutunzi muri iyi myaka 20 iheze aho bwagumye bugendera cane ku gushora hanze ibitoro na gaz.

Ariko umukuru w'Uburusiya yahakanye kuba afise politike yo hanze y'agasomborotso aca yagiriza Amerika na Bulaya gufatanya kugirango bace inguvu Uburusiya.

Ariko yashimitse avuga ko amafaranga y'integabizoza nkuru akwiye kugira ashobora guha ubutunzi uburagamo, avuga ko banki nkuru idakwiye ''gusesagura'' miliardi 419 z'ama dollars ifise mu bubiko.