Pierre NKurunziza n'ubu ntatomora ko azokwitoza

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Umukuru w'Uburundi Pierre Nkurunziza ntatomora ko azokwitoza mu 2015

Prezida w'Uburundi Pierre Nkurunziza yahaye ikiganiro co kurangiza umwaka abanyamakuru n'abanyagihugu ku bibazo bitandukanye bivugwa mu gihugu.

Yigitangiye mu ntara ya Ruyigi mu buseruko bw'Uburundi.

Mu vyabajijwe harimwo amatora yo mu mwaka uza n'uburyo ariko arategurwa.

Amashirahamwe adaharanira inyungu za politike n'imigambwe itavuga rumwe na leta imaze gusaba ko ibizova mw'iyandikwa ry'abazokwitaba amatora bitohabwa agaciro kuko ngo vyabayemwo amashinyu menshi.

Umukuru w'igihugu yasavye ababivuga kurindira ico umugwi ujejwe amatora CENI uzoshikiriza kandi bawureke ukore 'ata gucibwa ivutu''.

CENI izobonana n'abo bose begwa n'amatora ku wa mbere uza.

Prezida Nkurunziza yanabajijwe ko mazokwitoza ubugira gatatu.

Yavuze ko ico kibazo amaze kucishura incuro cumi zose asubiramwo ivyo amaze kuvuga ko atariwe yigene ngo yitoza ari umugambwe wiwe ubikora.

Yavuze ko ibwirizwa nshingiro rifise ico ribivugako ariko ntiyavuze ico rivuga.

Hanabajijwe ikibazo c'umutekano inyuma y'aho havugiwe cane abantu bataziriwe ba ''rugoti'' bahungabanya umutekano. Bivugwa ko ari imisoresore yoba yavuye i Kiliba muri Congo aho yoba yaraherewe inyigisho za gisirikare.

Umukuru w'Uburundi yahakanye ko ba rukoti batabaho ari ibihuha bijanye n'igihe c'amatora.