Ukraine ngo ishobora kuja muri OTAN

Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Inama nshingamateka ya Ukraine

Umushikiranganji w'imigenderanire w'Uburusiya Sergei Lavlov, yavuze ko iyo ngendo ata nyungu izobazanira.

Bwana Lavlov yavuze ko bizokwega ahubwo imishamirano.

Umunyamakuru wa BBC ari Moscow avuga ko hari amahirwe make ko Ukraine ija mu rwego OTAN rujejwe kwivunira umwansi hamwe hagati y'ibihugu vya Bulaya na Amerika.

Ariko ngo ico ciyumviro conyene gitera leta ya Moscow uruhagarara.

Kugirango yinjire muri urwo runani, Ukraine ibanza kugarura uturere twose tw'ubutaka bwayo.

Muri kino gihe, tumwe mu turere twayo two mu buseruko, tugenzurwa n'abashigikiwe n'Uburusiya bashaka kwiyonkora kuri Ukraine.

Akandi karere ka Crimea karamaze kwegekwa ku Burusiya.