Nigeriya: Ingendo z'imodoka zose zahagaritswe

Boko haram Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Boko haram

Mu kugerageza gukumira ibitero by'abarwanyi b'umutwe wa Boko Baramu, abategetsi b'intara ya Borno batanze itegeko rihagarika ingendo z'imodoka zose.

Iryo tegeko riratangira kubahirizwa kuva uyu munsi kugeza kucyumweru mugitondo.

Iryo tegeko ryakuye imitima abantu babarirwa mu bihumbi bahise bihutira kugera aho bajya.

Ibitero bya Boko haram, byibasiye intara zo mu majyaruguru y'uburasirazuba bwa Nigeriya arizo Borno, Yobe na Adamawa.

Mu myaka ushize, mu gihe cy'iminsi mikuru ya noheri,abo barwanyi bibasiye amasengero y'abakiristu.

Ku munsi wa noherli mu mwaka wa 2011, bateye kiriziya yari hafi y'umurwa mukuru, Abuja, bica abantu barenga 40.