Hibutswe imyaka cumi iheze tsunami isasitse inganda

Imyaka cumi iraheze tsunami isasitse inganda Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Imyaka cumi iraheze tsunami isasitse inganda

Hiriwe haraba imihango hirya no hino ku mugabane wa Aziya yo kwibuka imyaka cumi iheze tsunami ihitanye abantu barenga ibihumbi amajana abiri na mirongo ibiri.

Tsunami kandi yasize abandi bantu bashika hafi imiriyoni zibiri badafise aho bakika umusaya.

Tsunami ifata nk'imwe mu mpanuka z'ibidukikije zikomeye kurusha izindi, mu gihe itanguzwa na nyamugigima ibera mu kuzimu munsi y'ibahari, igatuma amazi arengera ibibanza bituwe n'abantu.

Imihana myinshi yegereye inkengero z'ibiyaga muri Indoneziya, Thailand, Sri Lanka n'Ubuhindi yarasambutse.

Kubarokotse benshi, ivyabaye uwo munsi, haciye imyaka cumi, baracavyibuka neza hakaba hari n'amajana y'abantu batamenyekanye bahambwe mu mva zitagira izina.