Angola iregwa guhohotera abimukira

Ubutunzi bwa Angola buva mu bitoro bukwega abimukira benshi Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Ubutunzi bwa Angola buva mu bitoro bukwega abimukira benshi

Imigwi iharanira agateka ka zina muntu yagirije igihugu ca Angola guhohotera abimukira bo mu bindi bihugu vya Afrika.

Ivyo bivugwa n'urwego mpuzamakungu rw'amashirahamwe aharinira agateka ka zina muntu hamwe n'amashirahamwe umunani yo muri Afrika.

Bavuga ko mu minsi cumi gusa, abantu barenga ibihumbi bitatu bagizwe ahanini n'abo mu burengero bwa Afrika bafatiwe hirya no hino mu murwa mukuru Luanda.

Bamwe batahukanywe iwabo ku nguvu, abandi bashirwa mu twumba duto duto mu bigo bapfungiramwo abimukira.

Buri mwaka, ibihumbi vy'abimukira barondera ubuzima binjira mu gihugu ca Angola gikize kubera ibitoro, kikaba kandi corohewe cane kuva aho intambara yo hagati mu gihugu ihereye mu 2002.