Korea ya ruguru yagiriza Amerika

Film The Interview iteje icuka kibi hagati ya Amerika na Korea ya ruguru Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Film The Interview iteje icuka kibi hagati ya Amerika na Korea ya ruguru

Korea ya ruguru yagirije leta zunze ubumwe za Amerika guhungabanya internet yayo, inatuka prezida Obama bifatiye ku rukoba rwe.

Umugwi wa Korea ya ruguru ujejwe kwivuna abansi wavuze ko bwa Obama we nyene ariwe yatumye hasohoka film, The Interview, ivuga kw'igandagurwa ry'umurongozi w'ico gihugu Kim Jong-un.

Uwo mugwi wavuze ko umukuru w'igihugu wa Amerika ari inkende iri mw'ishamba.

Bivugwa ko iyo film imaze gupakururwa kuri internet mu Bushinwa inshuro ibihumbi n'ibihumbi, ikaba igire ishikanwe muri Korea ya ruguru aho mu bisanzwe ibintu nk'ivyo bigenzurwa cane.