Iyindi ndege ya Malaysia yagize ibibazo

Abafise ababo muri iyo ndege biriwe barindiriye amakuru
Image caption Abafise ababo muri iyo ndege biriwe barindiriye amakuru

Indonesia yahagaritse igikorwa co kurondera indege y'ikompanyi AirAsia yaburiwe irengero iri mu rugendo ija Singapore.

Indege za gisirikare zo muri Indonesia na Singapore zarondereye mu mazi ari mu bumanuko bushira ubuseruko bwa Borneo, aho iyo indege yaburiwe n'ivyuma biyikurikira.

Abantu ijana na mirongo itandatu na babiri nibo bari mw'iyo ndege y'ubwoko Airbus 32, benshi muri bo bakaba ari abanye Indonesia.

Kurondera iyo ndege vyabangamiwe n'ikirere kibi catumye kubona bigorana.

Abagize imiryango y'abari mw'iyo ndege bahangayitse, bahuriye ku kibuga c'indege i Singapore hamwe n'ii Surabaya, aho iyo ndege yaje iva, barindiriye amakuru.

Iyo ndege n'iy'ikompanyi yo muri Indonesia ifiswe na Malaysia, ikaba ari indege igira gatatu ifitaniye isano na Malaysia iburiwe irengero mu mwaka umwe.