Cameroun yagavye ibitero kuri Boko Haram

Abasirikare ba Cameroun barwanye imirwano ikomeye na Boko Haram mu mpera z'indwi iheze Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Abasirikare ba Cameroun barwanye imirwano ikomeye na Boko Haram mu mpera z'indwi iheze

Igisirikare ca Cameroun ku nshuro ya mbere cakoresheje indege mu kugaba ibitero ku barwanyi ba ki Islam b'umugwi Boko Haram wo muri Nigeria.

Mu mpera z'iyo ndwi iheze, umugwi w'abarwanyi wajabutse urubibe winjira muri Cameroun uvuye muri Nigeria, batera imiji hamwe n'ibigwati.

Umwe mu bajejwe intwaro muri ako karere yavuze ko abantu mirongo itatu bishwe.

Abo barwanyi barigaruriye inkambi ya gisirikare umwanya muto, bikavugwa ko yari yahebwe n'abasirikare ba Cameroun nyuma y'imirwano ikomeye.

Boko Haram iramaze kwinjira muri Cameroun akatari gake, ikica ikananyuruza abantu.

Bivugwa kandi ko yaninjije abantu mu gisirikare cayo ibakuye muri ico gihugu, harimwo n'abana.