Harabutswe igisa n'ibimanyu vy'indege ya AirAsia

Hari ibimanyu vyinshi nígisa n'umubiri w'umuntu vyagaragaye bireremba ku mazi y'ikiyaga Java hafi y'akarere ka Borneo muri Indoneziya, hamwe mu duce turiko turonderwamwo indege ya AirAsia.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Ifoto yafashwe n'abarondera indege ya AirAsia, yerekana ibintu bireremba ku mazi ya Java bakeka ko ari ibice vyayo

Abategetsi ba Indoneziya bavuga ko bakeka ku bice 95% ko ivyo bihimba ari ivyo indege Airbus A320-200 yazimiye ku munsi w'imana, ifise abantu 162.

Uyu munsi ugize gatatu, iyo ndege yari iturutse Surabaya yerekeza muri Singapure, babuze irengero ryayo.

Ikirere baronderamwo caguwe kugeza ku duce 13 hejuru y'amazi.

Mu kiganiro uwuyoboye igikorwa co kurondera iyo ndege yahaye abanyamakuru, yerekanye amafoto y'ibihimba babonye, n'ikiziga c'umuntu bireremba ku mazi.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Imwe mu mafoto yafashwe n'abarondera indege ya AirAsia

Imiryango y'abari muri iyo ndege vyaboneka ko bacitse inkokora.

Uwuyoboye igikorwa co kurondera iyo ndege Bambang Soelistyo, yavuze ko bashobora kwemeza ku bice 95% ko ivyo bice vyavuye kuri iyo ndege.

Haciye harungikwa ibikoresho vyose bifasha kurondera muri ako gace kabonetsemwo ivyo bimanyu.

Ibice vyose biza gushobora gutorwa canke ibiziga bica bijanwa Pangakalan Bun, aho hakaba ari mu muji uri hafi mu ntara ya Kalimantan.

Bwana Soelistyo yavuze kandi ko harungitswe ubwato bufise ubuhinga buhambaye, kugira basuzume nimba ata bihimba binini vy'iyo ndege vyoba biri munsi y'ibimanyu bito birerermba.

Amato agera ku 30, indege 15 na kajugujugu 7 nivyo vyari mu gikorwa c'uno munsi co kurondera iyo ndege.

Ico gikorwa kiyobowe na Indoneziya, kirimwo n'ibihugu vya Maleziya, Singapure na Australiya, ndetse n'ibihugu vya Koreya y'epfo, Thayilande, Ubushinwa n'Ubufaransa vyemeye gufasha.

Ubwato bw'intambara bwa Leta zunze ubumwe za Amerika USS Sampson nabwo buri mu nzira bwerekeza muri ako gace gufasha.

Iyo ndege yazimiye kuw'Imana itwaye abantu 137 bakuze, abana 18, abadereva 2 nábandi bakozi bo mu ndege 5.

Abenshi bari abanya Indoneziya, ariko mu ngenzi harimwo n'Abongereza, abanya Maleziya, abo muri Singapure no muri Koreya y'epfo.