Umukuru wa ba maneko ba Al shabab yishwe

Uwufise ububasha kw’isanamu
Image caption Abarwanyi ba Al shabab muri Somalia

Umukuru w'urwego rw'iperereza rw'igihugu, avuga ko Abdishakur, azwi kw'izina rya Tahlil, yaguye mu gitero c' indege ca n'ijoro.

Yemeza kandi ko Abdishakur yaheruka gusubirira uwahoze ayoboye urwo rwego rw'ubusumyi bw'urusaku rwa Al Shabaab yari amaze iminsi afashwe.

Ubutegetsi bwa gisirikare bwa Leta zunze Ubumwe za Amerika bumenyesha ko ico gitero cabaye mu muji wa Sakow ata banyagihugu basanzwe cahitanye.