Air Tanzania yasibije ingendo kubera abadereva

Image caption Ikarata ya Tanzania

Ingenzi zigera kw'ijana zimaze kabiri zirindiriye kuva ku kibuga c'indege ca Dar es Salaam, kubera abadereva ba Air Tanzania bahora mu karuhuko na Noweri baretse gusubira ku kazi.

Abategetsi bavuga ko ingenzi zari kuvanwa ku kibuga c'indege ca Dar es Salaam zija mu mazinga ya Comores n'ahandi, zari guhaguruka ku munsi wa gatandatu.

Ingenzi zari zimaze kurakara, zavuze ko ishirahamwe ry'indege Air Tanzaniya ritwarwa na leta ribafashe nabi.

Umuvugizi wa Air Tanzania, yamenyesheje ko impamvu abo badereva batitavye ku kazi zitazwi.

Abo badereva bari bahawe akaruhuko ko ku munsi wa Noweri no kuwa gatanu, bakaba bari bitezwe gusubira ku murimo kuwa gatandatu.

Umuvugizi wa Air Tanzania, Lily Fungamtama, yavuze ko bikeka ko hoba hari ingorane kuko bidasanzwe ko abadereva basiba.

Yasavye imbabazi ingenzi avuga ko bakoze ibishoboka vyose mu kuronderera bamwe mu ngenzi, ahandi baca kugira bakomeze ingendo zabo.

Abaja mu bindi bisagara vya Tanzaniya nka Kigoma, na Mtwara mu bumanuko , nabo bagomye ku kibuga c'indege kumwe n'abajabuka mu mazinga ya Comores, nk'uko bivurwa n'umunyamakuru wa BBC Tulanna Bohela.

Uwo munyamakuru avuga ko ingenzi zirimwo abagore n'abana zicumbikiwe mu mahoteri mato mato yo hafi mu muji.