Intambara ngo yahitanye 76 000 muri Syria

Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Perezida Assad yasangiye umwaka n'abasirikare

Abaharanira uburenganzira bavuga ko uyu mwaka wa 2014, ariwo wapfuyemwo abantu benshi kuva intambara itangura mu 2011.

Umurwi " The Syrian Observatory for Human Rights" ufise icicaro hano mu Bwongereza, wemeza ko ica kane c'abapfuye ari abanyagihugu basanzwe.

Abandi ngo n'abasirikare ba leta, abarwanyi n'abandi bo mu mirwi yishimikiza idini rya isilamu.

Abantu barenga ibihumbi 200 nibo bamaze kurwa mu ntambara muri Syria, yahereye ku myiyerekano y'abanyagihugu biyamiriza leta, igahava ihinduka intambara.

Perezida Bashar al-Assad yatanguye umwaka mu kugendera ingabo ziri ku rugamba mu gace ka Jobar, mu micungararo y'umurwa mukuru Damasi.

Ku rubuga rwiwe rwa Twitter na Facebook hariko amafoto yiwe avugana n'abasirikare 2 hafi y' imodokari ya gisirikare, aramukanya n'uwundi iruhande.