Igikorwa co kurwanya Ebola kigeze he?

Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Umwe mu bafasha abrwayi ba Ebola yamabye ivyo kwingira muri Sierra Leone

Mu kiganiro yahaye abanyamakuru muri Ghana, Tony Banbury yavuze ko amakungu ari mu rugamba rukomeye n'ico kiza ariko ko inzira ikiri ndende kugirango bagitsinde.

Ariko rero yashimye akigoro amakungu yagize mu kurwanya Ebola, akavuga ko yizeye ko uyu mwaka wa 2015 uzorangira ico kiza caneshejwe.

Umugera wa Ebola umaze guhitana abantu bababa 8000, ahanini muri Sierra Leone, Liberia na Guinee, aho iyo ngwara yadutse mu mpera z'umwaka wa 2013.