Haguwe akarere ko kuronderamwo AirAsia QZ8501

intebe zo mu ndege Uwufise ububasha kw’isanamu BBC World Service
Image caption Intebe zo mu ndege zaratowe ku wa mbere co kimwe n'ibindi biziga bine

Abategetsi ba Indonesia baguye akarere mu gihe hakomeje ironderwa ry'irengero ry'indege ya Air Asia QZ8501 yagize isanganya.

Iyo ndege yari yahagurutse iva Surabaya muri Indonesia ija Singapore yakorokeye mu mazi ku wa 28 ukwezi kwa 12-ibiziga 38 nivyo bimaze gutorwa ku bantu 162 bari bayirimwo.

Abategetsi bavuga ko bashobora kuba batoye aho umurizo w'iyo ndege uri, uwo nawo ukaba ariwo urimwo udusandugu tubika amajwi y'urugendo,hamwe n'ibindi bice vy'indege.

Ariko ikirere kibi kimaze gusivya kenshi ibikorwa vyo gushikira no gusuzuma ibisigarira no kubizana ku butaka.

Ntibiramenyekana icatumye iryo sanganya kandi n'ubwo hari igikorwa kinini co kurondeza, n'ubu igice kinini c'iyo ndege ntikiratorwa.

Avugira i Jakarta kuri uyu wa kabiri, umukuru w'ikigo kijejwe kurondera no gutabara Henry Bambang Soelistyo yavuze ko abari muri ivyo bikorwa baguye akarere ko kurondereramwo kuva kuri uyu wa kabiri.

Yavuze ko ubu ikirere cabaye ciza gutyo ivyuma birondeza munsi y'amazi bikaba vyarungitswe, mu gihe abibira mu mazi nabo bashoboye gushika mu karere barondereramwo.