Indege za Turkia zahagaritse kuja muri Liya

Uwufise ububasha kw’isanamu none
Image caption Turkish Airlines yari yasubiye gujana imizigo n'ingenzi i Misrata mu kwezi kw'i cumi

Kompanyi y'indege ya Turkia Turkish Airlines ari nayo yonyene yari isigaye mu ndege zo hanze ija muri Libya nayo yahagaritse ingendo zayo mu gisagara ca Misrata, igisagara rudende yajamwo muri ico gihugu.

Indege zo hanze zahagaritse kuja muri Libya mu kwezi kw'indwi igihe haduka intambara ku murwa mukuru hagatri y'imigwi ikebana ku kibuga mpuzamakungu ca Tripoli.

Indege zo mu gihugu zaciye zitangura gukorera ku kibuga ca Mitiga c'i Tripoli nayo Turkish Airlines ica isubira gutangura ingendo i Misrata.

Ico gisagara kiri ku kiyaga mu mpera z'indwi cararashwe n'indege.

Igihugu ca Libya kirangwamwo uruhagarara n'intambara hagati y'imigwi itandukanye kuva hatembagajwe intwaro ya Colonel Gaddafi mu 2011, intureka ikaba yarongerekenye muri aya mezi aheze.

Umugwi witwa Libya Dawn ushingiye Misrata ugenzura igice kitari gito c'uburengero bwa Libya harimwo Misrata nyene na Tripoli.

Leta yemewe n'amakungu yarigijwe kure mu turere two mu buseruko mu mwaka uheze-ubu indege zayo zikaba zatanguye ibitero vy'idege kuri Misrata ku ndwi iheze.

Umunyamakuru wa BBC i Tripoli Rana Jawad avuga ko ibiro vya ONU muri Libya bimaze kugerageza akatari gake ariko binanirwa gushira hamwe iyo migwi, ibiganiro bikaba bimaze gusiba kabiri.

IMbere y'uko umutekano utangura guhungabana, Turkish Airlines yaraja no mu bisagara vya Tripoli, Benghazi na Sebha.