AirAsia: udusandugu tw'amajwi 'twatowe'

Uwufise ububasha kw’isanamu none
Image caption Abrarondera ibisigarira vy'iyo ndege barakoze cane mu mpera z'indwi ubwo ikirere cabaye ciza

Abibira mu mazi bashobora kuba batoye ahari udusandugu dufata tukabika amajwi y'urugendo rw'indege ya AirAsia QZ8501, nk'uko bivugwa n'umukuru w'ibikorwa vyo kurondera ibisigarira vy'iyo ndege.

Bambang Sulistoyo yavuze ko yibaza ko twatowe-ababibira bakaba bazogerageza kutuvana mu mazi ku wa mbere.

Turi hasi munsi y'amazi tukaba turi munsi y'ibisigarira vy'indege, nk'uko abategetsi babivuga.

Kuba utwo dusandugu dushobora kuba twatowe bishitse mu gihe hakomeje ibikorwa vyo kurondera igice kini c'iyo ndege.

yagize isanganya mu gihe c'ikirere kibi ku wa 28 ukwezi kwa 12 irimwo abantu 162.

Iyo ndege tari ivuye Surabaya muri Indonesia ija muri Singapore ubu ikaba iri ku meter30 munsi y'amazi y;ikiyaga ca Java.

Abategetsi muri Indonesia bari bavuze ko hari amajwi nk'ayiminzerere yumviswe n'ubwato butatu buriko burarondera udusandugu dufata amajwi y'urugendo tw'indege yagize isanganya igakorokera mu mazi haraheze indwi zibiri.

Umushikiranganji Indroyono Soesilo yabwiye abamenyeshamakuru ko iyo minzerere yumviswe iva mu bibanza bibiri biri ku metero 20 hagati yavyo, akaba yizigiye ko ashobora kuba ava ku dusandugu dufata tukanabika amajwi y'ibigenda biravugwa n'ababa bariko baragendesha indege.

Imikuba myinshi yari yabujije abibira gushika aho bakeka ko ayo majwi yazananye, ku birometero bitatu uvuye ahatowe ku wa gatandatu umurizo w'iyo ndege ya AirAsia QZ8501.