Charlie Hebdo: abantu isinzi bitavye urugendo i Paris

Paris Uwufise ububasha kw’isanamu Other
Image caption Abantu ibihumbi n'ibihumbi bateraniye Place de la Republique kugira bitabe urugendo rw'ubumwe

Abantu isinzi hamwe n'abategetsi 40 b'irya n'ino kw'isi bihereje amabarabara i Paris mu rugendo rw'ubumwe inyuma y'aho abantu 17 biciwe mu minsi itatu y'ibitero vy'iterabwoba.

Abantu barenga umuliyoni n'igice bitavye urwo rugendo i Paris naho mu Bufaransa hose bakaba barenze miliyoni 3.

Igipolisi kiracahiga abantu bafashije abagabo bafise ibigwanisho bateye ikinyamakuru Charlie Hebdo hamwe n'iduka ry'indya ry'abayahudi. .

Urwo rugendo rwabaye mu gihe ku wa mungu hasohotse video yerekana umugabo yateye iduka Amedy Coulibaly yemera ko akorera umuhari ugwana witwaza izina rya Islam wiyita Leta ya ki Islam (Islamic State.IS).

Muri iyo video avuga ko yakorana n'abateye Charlie Hebdo avuga ngo: ''twagabuye umugwi wco mwo kabiri... kugira ibikorwa vyacu bishika ku kintu kinini''.

Uwufise ububasha kw’isanamu none
Image caption Muri iyo video, Amedy Coulibaly asa n'usigura imvo z'ivyo yakoze

Said na Cherif Kouachi bishe abantu 11 ku biro vy'ikinyamakuru Charlie Hebdo ku murwa mukuru w'Ubufaransa ku wa gatatu, hamwe n'umupolisi yarasiwe hafi yavyo.

Coulibaly yishe imbohe zine yari yagize mw'iduka Hyper Cacher ku wa gatanu. Vyibazwa ko ari nawe yarashe akica umupolisi w'umugore i Montrouge ku wa kane.

Urugendo rw'i Paris rwaruse kure n'iyo izabereye mu gihugu ku wa gatandatu aho abantu 700.000 bihereje amabarabara.

Abapolisi barenga 5.000 nibo bacungereye umutekano w'abitavye urwo rugendo.

Imbere y'uko urwo rugendo ruba , umukuru w'Ubufaransa Francois Hollande yarabonanye n'indongozi z'abayahudi.

Indongozi z'abayahudi zavuze ko prezida Hollande yazibwiye ko ingingo z'umutekano ziriko zirafatwa kugira abayahudi n'inzego zabo zikingirwe.

Urwo rugendo rwari rurongowe n'imiryango y'abahitanywe n'ivyo bitero vyo ku ndwi iheze rwatanguriye Place de la Republique isaha icenda kw'isaha yo mu Bufaransa (14:00 kw'isaha mpuzamakungu).

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Prezida w'Ubufaransa Francois Hollande yari akikijwe n'abategetsi b'isi muri urwo rugendo

Abategetsi b'amakungu barenga 40 barimwo ba ministre ba mbere b'Ubwongereza David Cameron n'Ubudagi Angela Merkel, indongozi y'abanyepalestina Mahmoud Abbas na ministre wa mbere wa Israel Benjamin Netanyahu birai bitavye urwo rugendo.

Abaruteguye bizigiye ko rwahaye Abafaransa akaryo ku kuja hamwe ngo biyamirize ubwo bubisha bwatanguye ku wa gatatu aho abahungu babiri bavukana batera ibiro vy'ikinyamakuru Charlie Hebdo.

Cherif na Said Kouachi bishe abantu 12-harimwo abamenyeshamakuru 8 n'abapolisi 2. Abandi bantu 11 barakomeretse.

Bompi bahavuye bicwa ku wa gatanu co kimwe na Coulibaly.