Angola nticakiriye inama ya SADC kuri FDLR

Uwufise ububasha kw’isanamu
Image caption Umwe mu barwanyi ba FDLR

Ibihugu vy'umuryango SADC vyafashe ingingo yo kwambura ibirwanisho ku nguvu umuhari FDLR w'abarwanyi baturutse mu Rwanda, uri muri Congo.

Umwe mu bategetsi ba Angola, Joacquim do Espirito Santo, yamenyesheje ko inama y'abakuru b'ibihugu biri mu muryango SADC yari kubera muri ico gihugu itakibaye.

Avuga ko iyo nama yari gutuma imyiteguro y'ibikorwa vya gisirikare ku murwi FDLR iteba.

Ishirahamwe mpuzamakungu ryaheruka kumenyesha ko abarwanyi ba FDLR bananiwe kubahiriza igihe bari bahawe co gusubiza ibirwanisho ku bushake.

Mu ndwi iheze, perezida wa Congo Joseph Kabila yari yabwiye umushikiranganji mukuru w'ishirahamwe mpuzamakungu, ko igihugu ciwe citeguye kurwanya FDLR.