Ubufaransa: umutekano urinzwe n'ibihumbi

Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Umusirikare w'Ubufaransa

Umushikiranganji wo kwivun'abansi, Jean -Yves le Drian, avuga ko abasirikare 10.000 bazorungikwa mu bibanza yise ko biteye impungenge, kuva ejo kuwa kabiri.

Abandi bajejwe umutekano bagera ku bihumbi bitanu, bazorarira amashure y'Abayahudi agera ku 700.

Izo ngingo zatangajwe inyuma y'inama yihuta y'abashikiranganji, yari yahamagajwe mu tumbero yo gutorera inyishu ikibazo c' umutekano.

Abantu 17 baraguye mu bitero vyabaye mu ndwi iheze mu muji wa Paris. Ivyo bitero vyagabwe mu bibanza bitatu: ku biro vy'ikinyamakuru Charlie Hebdo, mw' iduka nini y'ibifungurwa igenderwa cane n'Abayahudi, n'ahandi hari umupolisi.