Iteka ku wabaye umunyeshure ku myaka 84

Image caption Igicapo ca Maruge kumwe n'abana bigana, cashizwe ku rupapuro rw'itanguriro rwa Google

Ico gicapo kiri ku rupapuro rwa mbere rw'ikibanza ca Kenya kuri Google, gihuriranye n'isabukuru ya 11 kuva Kimani Maruge agiye kw'ishure, afise imyaka 84.

Bwana Maruge, igihe yatangura ishure yavuga ko yifuza kwiga gusoma Bibiliya, no guharura.

Google ivuga ko ico gicapo cayo ari ico kwibutsa abantu ko ata wukwiye kwibaza ko yacerewe kwiga ikintu gishasha.

Bwana Matuge, umwe mu barwaniye kwikukira kwa Kenya, yabaye rurangiranwa igihe yiyandikisha kuja mw'ishure ry'intango rya Eldoret kuwa 12/01/2004.

Umuyobozi wa Google mu gisata co kumenyesha amakuru yo mu gice c'ubuseruko n'ibindi bihugu bikoresha igifaransa ku mugabane wa Afrika, Dorothy Ooky, amenyesha ko Kimani Maruge yari umuntu w'igitangaza.

Ngo yabereye akarorero isi yose mu bijanye n'akamaro ko kwiga ubuzima bwose.

Ibicapo Google ikoresha ku rupapuro rw'itanguriro, biba bigenewe gushimagiza ubuzima bw'abantu babaye ba rurangiranwa, abahinga n'abandi babaye imboneza.

Google rero ivuga ko inezerewe no kubona yashize bwana Maruge muri abo, kubera uruhara yagize muguhagararira kurondera ubumenyi.

N'ubwo ata mpapuro zerekana amavuka yiwe yari afise, bwana Maruge yavuga ko yatanguye ishure ritoya rya Kapkenduiywo afise imyaka 84.

Babiri mu buzukuru biwe biga kuri iryo shure nyene.

Ku rutonde rwa Guiness rw'amazina y'abaciye umuhigo kw'isi, bwana Maruge yanditse ko ari umuntu yatanguye amahure y'intango akuze kuruta abandi bose kw'isi.

Yamaze imyaka itanu yiga imbere yo gushengera ahitanywe n'ingwara ya "cancer" yo mu mushishito.