Ishure ry'i Peshawar ryarashwe ryongeye gukora

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Ishure rya Peshawar ryatewe n'aba Taliban ryongeye gukora

Habaye igikorwa co kwibuka abasize ubuzima muri ico gitero co mu kwezi guheze, aho abenshi mu bo cahitanye ari abana, muri iryo shure ryigamwo ahanini abana b'abasirikare.

Umukuru w'igisirikare, general Raheel Sharif, niho yari, aho yaramukije abanyeshure, abavyeyi n'abigisha.

Yabemereye ko abategetsi bazokora uko bashoboye kose mu gukingira abanyeshure.

Amashure atari make muri ico gihugu yari yapfunze kubera ico gitero ca Peshawar, yongeye kugurura.

Haciye indwi zikeya leta ya Pakistani ihagaritse ingingo yari yafashe yo kureka gukoresha igihano c'urupfu.

Leta ya Pakistani ndetse yashizeho sentare za gisirikare zigenewe guca imanza z'abarerwa iterabwoba.