Ibiciro vy'ibitoro vyagabanutse mu Burundi

Uwufise ububasha kw’isanamu none
Image caption Ikarata y'Uburundi

Iyo ngingo ifashwe kubera igiciro c'igitoro cagumye kimanuka muri iyi minsi ku masoko mpuzamakungu.

Esanse yahora igurwa 2220 Fbu, ubu igiye ku 2050 Fbu, nayo amazutu yahora ku 2150 Fbu, yagiye ku 2050 Fbu, ipeterori iva ku 1920 ija ku 1790 Fbu.

Iyo ngingo ifashwe mu gihe abantu bari bamaze iminsi bibaza igituma leta itamanura ico giciro kandi baguma bumva kw'isi yose igiciro c'igitoro caragabanutse.

Bacumva iyo nkuru, abanyagihugu bo basavye ko amahera bahora bariha mu kwiyunguruza haba mu gisagara ca Bujumbura canke hagati mu gihugu nayo nyene yoca agabanuka.

Kuri uyu mugoroba, bisa nuko akamo kabo leta yakumvise kuko yaciye ifata ingingo ko amahera yo kwiyunguruza mu gisagara ca Bujumbura avuye ku 340 Fbu akaja ku 320 Fbu.

Nayo mu gihugu hagati amahera bahora bariha azogabanukako ibice 6.15% .

Leta kandi yamanuye igiciro c'ikiro c'isukari, kiva ku 1800 kija ku 1650 Fbu.