Igicapo ca Muhammad kuri Charlie Hebdo

Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Charlie Hebdo buca gisohora iyindi nimero

Nimero yo muri iyi ndwi y'ikinyamakuru Charlie Hebdo, izosohoka iriko igishushanyo cerekana intumwa Muhammad afise ikimenyetso canditseko: "Je suis Charlie", bisobanura ngo : "ndi Charlie".

Hejuru y'ico gicapo hazoba hariko aya majambo ngo: "All is forgiven", asobanura ngo: "vyose vyarababariwe".

Ico kinyamakuru kigiye gusohoka inyuma y'indwi imwe abantu bafise inkoho bateye ibiro vy'ico kinyamakuru, bakica abantu 12.

Hagat'aho, abashingamateka b'Ubufaransa bateganya gukorana ubwa mbere kuva ico gitero.

Muri Israel, baraja gushingura Abayahudi bane baguye mu kindi gitero cagabwe aho nyene mu muji wa Paris ku nyubakwa y'ubudandaji.

Abantu 17 nibo basize ubuzima mu bitero vyabaye mu ndwi iheze aho mu muji wa Paris.

Abajejwe umutekano bagera ku 10 000 bariko barakwiragizwa hirya no hino mu Bufaransa, ku munsi w'Imana naho habaye urugendo rwitabiriwe n'abantu benshi cane mu muji wa Paris.