Ikinyamakuru Charlie Hebdo kiragurwa ku bwinshi

Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Umuntu ahejeje kugura ikinyamakuru Charlie Hebdo aciye ku cibutso c'abaguye mu gitero ku biro vyaco

Ico kinyamakuru kivuga ko kigiye kongera gusohora ayandi makopi, ayagera ku miliyoni zitanu yasohowe n'abo cise abacitse kw'icumu.

Abantu 12 barimwo umuyobozi w'ico kinyamakuru, biciwe kuwa gatatu uheze mu gitero cagabwe ku biro vyaco mu muji wa Paris.

Inomero y'uno munsi yababaje bimwe mu bihugu birwiriyemwo aba islamu, kubera igicapo kiri ku rupapuro rw'intango, cigana intumwa Muhammad, kiyerekana iririra abaguye muri ico gitero.

Hagat'aho ishami rya al-Qaeda ryo muri Yemen, AQAP, rimaze kumenyesha ko ariryo ryateye ico kinyamakuru Charlie Hebdo.

Umuvugizi w'uwo murwi Ayman Zawahiri, avuga ko yetegetse ico gitero kubera Charlie Hebdo ngo catutse intumwa Muhammad.

Umwe mu bagabo bavukana bagavye ico gitero, Cherif Kouachi, yavuze ko batumwe n'uwo murwi AQAP.

Uwo murwi AQAP wari wavuze ko unezerejwe n'ico gitero kikiba, ariko ntiwavuga nimba ari wo wari inyuma yaco.

Hagati aho iguhugu ca Turkiya categetse ko imbuga za "internet" zari gusohora iyo nimero y'uno munsi ya Charlie Hebdo, zipfungwa.

Umucamanza yavuze ko igicapo c'intumwa Muhammad kiri ku rupapuro rwa mbere rw'ico kinyamakuru, ari igitutsi, ari icaha ndetse ko ari kurogota.

Ariko ivyahinduwe mu zindi ndimi biracari ku mbuga za "internet" vyose, kandi ikinyamakuru gihagaze cane ku kutegamira amadini, catangaje impapuro zine zirimwo ivyo cegeranije gikura muri ico kinyamakuru.

Ikinyamakuru ca leta ya Senegal naco nyene cavuze ko amakopi ya Charlie Hebdo, n' ikinyamakuru "Liberation", vyompi vyariko igishusho c'intumwa Muhammad, vyabujijwe gusohoka.