HCR itarabariza impunzi za Syria

Uwufise ububasha kw’isanamu
Image caption Impunzi za Syria ngo ziri mu bukene butagira izina

Umukuru w'ishami rya ONU ryitaho impunzi HCR, Antonio Guterres, yavuze ko impunzi z'abanya Syria zibayeho nabi kubera ko imfashanyo yatanzwe n'amahanga idahagije.

Avuga ko umwe mu mpunzi zitandatu, mu bagera ku 600 000 banditswe na HCR muri Yordania, babeshejweho n'idolari rimwe ku munsi.

Bwana Guterres avuga ko amakungu atongereje infashanyo, izo mpunzi zizorondera uburyo bwo kwirwanako butabereye mu gukomeza kubaho.

Avuga ko usanga abana bava mu mashure, abakuze nabo nk'abagore bakikora ku co yise kugurisha imibiri yabo kugira buce kabiri.