Burundi: Umukuru w'urwaruka muri FRODEBU mu mvuto

Image caption Idarapo y'Uburundi

Patrick Nduwimana yafashwe ari ku kazi aho asanzwe akorera, aca ajanwa mu ntara ya cibitoke, ariko ico yoba yafatiwe ntikiramenyekana.

Mu migambwe itavuga rumwe na leta, ntibarya umunwa mu kuvuga ko afatiwe imvo za politike, ngo akaba agire yegekweko ibitero biheruka mu ntara ya Cibitoke.

Umuvugizi w'urunani ADC Ikibiri rurimo na Sahwanya Frodebu, Shovinaud Mugwengezo, avuga ko Patrick Nduwimana bamusanze ku kazi iBujumbura bamujana mu ntara ay Cibitoke aho yagiye kuburana.

Bwana Mugwengezo yemeza kandi ko ivyo bifitanye isano n'amatora yimirije, aho yemeza ko umugambwe uri ku butegetsi ushaka kwkura abo batavuga rumwe.

Ico akeka ngo n'uko bashaka kwagiriza igitero giheruka mu ntara ya Cibitoke, ADC ikibiri n'urwaruka ruheruka kwemanga ko rwagiye kwiga ivyerekeye gutunganya imyiyerekano muri Uganda.

Chauvinon Murwengezo avuga ko abakeka ko ADC ikibiri igomba guca mu nzira z'ingwano, ivyo atari vyo, kuko ngo mu Burundi amaraso amaze guseseka ari menshi.