Papa yavuze ku burenganzira bwo gushikiriza iciyumviro

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Papa muri Philippines

Akarorero Papa yatanze, yabwiye abanyamakuru ko nk'umukozi wiwe ashobora kwitega gukubitwa ikofe, hamwe yo mutukira nyina.

Papa yavuze ayo majambo kubera igitero giheruka kugabwa ku kinyamakuru Charlie Hebdomu Bufaransa, ivyo akaba yabivuze mu gihe yari yuriye indege imushikana muri Philippines.

Papa yahawe ikaze na perezida wa Philippines, Benigno Aquino, ari kumwe n'ibihumbi vy'abanyagihugu bamukomeye amashi mu muji wa Manila.