Badawi yasivye 50 mu nkoni 1000 yakatiwe

Image caption Raif Badawi

Uyu mugabo yari yakubiswe inkoni 50 kuwa gatanu uheze, akaba yari kongerwa izindi 50 uyu munsi.

Ariko uno munsi biravurwa ko yasibijwe gukubitwa kubera imvo z'amagara yiwe.

Bwana Badawi, yanditse ku biraba idini na poritike ku ruguba rwiwe rwa internet, yarezwe icaha co gutuka islamu.

Yaciriwe umunyororo w'imyaka cumi no gukubitwa inkoni igihumbi.

Ico gihano yahawe caranebaguwe cane mu bihugu vya Buraya, aho babona ko ahorwa uburenganzira bwo gushikiriza ivyiyumviro.

Ishirahamwe mpuzamakungu ryateye akamo Arabia Saudite ngo imukureko ico gihano co gukubitwa.