Umwe mu Bayapani bafiswe na IS ashobora kuba yishwe

Image caption Birakekwa ko Haruna Yukawa yoba yishwe

Iyo video irimwo ubutumwa bwemeza ko Haruna Yukawa yishwe, ariko mugenziwe, Kenji Goto, akiri muzima.

Abagize reta y'Ubuyapani baciye bakorana mu nama yihuta i Tokyo kugira baganire kuri ico kibazo.

Umushikiranganji wa mbere Shinzo Abe yamaze kumenyesha ko yashavujwe n'iyo video, avuga ko adashobora gukangwa n'iterabwoba.

Ku munsi wa kabiri, abarwanyi ba IS bari bagabishije Ubuyapani ko bazoca imitwe abo bantu babiri, kiretse baronse ingwati ya miriyoni amajana abiri (200 000 000 ) z'ama dorari y'Abanyamerika.

Ayo mafaranga angana n'ayo bwana Abe yaheruka kwemerera ibihugu birwanya uwo murwi IS.