Leta ya Kenya yatsinzwe kw'itegeko ry'umutekano

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Inama nshingamateka ya Kenya yari yemeje itegeko rigenga umutekano mu kwa 12, ariko bamwe batarishima

Isubirwamwo ry'iryo tegeko ryari ryasabwe n'abatavuga rumwe n'ubutegetsi bwa Kenya.

Abanegura iryo tegeko bavuga ko uburenganzira bw'abenegihugu bwoba butubahirijwe, iryo tegeko ryemejwe rigakoreshwa uko riri.

Iryo tegeko ritanga uburenganzira bwo kwabura abantu bahana ubutumwa bakoresheje ubuhinga bwo gutumatumanako nka terefone n'ibindi, ata ruhusa rwa sentare rurinze gusabwa.

Ritanga kandi uburenganzira bwo gupfunga abagirizwa ivyaha, ikiringo c'agateganyo kigera kumwaka, bataraburanishwa.

Abagize leta ya Kenya bavuga ko iryo tegeko rishobora gufasha mu gikorwa co kurwanya umurwi al-Shabab.