Ibisasu vyahitanye 15 muri Mariupol

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Ibisasu vyaguye mu kibanza c'isoko no ku magorofa abamwo abantu

Abategetsi bo mu muji wa Mariupol, ahasanzwe hacungerewe n'ingabo za reta, bavuga ko ivyo bisasu vyarungitswe n'abarwanyi bashigikiwe n'Uburusiya, vyaguye mw'isoko no ku mazu y'abantu.

Umuvugizi w'umurwi urwanira mu gace ka Donetsk kiyonkoye kuri reta, arahakana ko ari bo bagavye ico gitero.

Ku munsi wa gatanu, abo barwanya reta baranse kongera kuganira nayo bavuga ko bazobandanya intambara.