Mu Bugereki bari mu matora

Image caption Amatora mu Bugereki

Umugambwe wegamiye ku bubanfu, Syriza, uyobowe na Alexis Tsipras, wavuze ko wifuza ko Ubugereki buheberwa igice kinini c'umwenda bufitiye amakungu, nayo ingingo zo gutubika umukanda zikagabanywa.

Nayo umugambwe New Democratic Party, w'umushikiranganji wa mbere, Antonis Samaras, wemeza ko ubutunzi buriko burisununura kubera izo ngingo zo gutubika umukanda.

Bwana Samaras agabisha ko uwo mugambwe Syriza ushobora gutuma Ubugirirki buva mu karere k'ibihugu bikoresha ifaranga rimwe, euro.