Boko Haram yongeye gutera iMaiduguri

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Mu muji wa Maiduguri

Iyo ntambara ibaye perezida Goodluck Jonathan yaraye avuye kwiyamamariza aho mu muji wa Maiduguri.

Igisirikare kivuga ko kiriko gikoresha ingabo zirwanira hasi ndetse na za kajugujugu mu guhangana n'uwo murwi Boko Haram wateye no mu muji wa Monguno.

Amabarabara yose yari yugaye ejo kuwa gatandatu, hashiwaho n'amasaha y'umukwabu.

Aho yashika ejo aho muri Maiduguri, perezida Goodluck Jonathan yabemereye kurangiza ibitero vya Boko Haram muri ako gace.

Maiduguri n'umurwa mukuru wa reta ya Borno, ukaba wakiriye impunzi nyinshi zavuye mu twazo mu bindi bisagara no mu birwati kubera Boko Haram.

Boko Haram yatanguriye aho nyene, haraheze imyaka 10.