Umuririmvyi Demis Roussos yaryamiye ukuboko kw'abagabo

Demis Roussos yari azwi cane hirya no hino kw'isi Uwufise ububasha kw’isanamu
Image caption Demis Roussos yari azwi cane hirya no hino kw'isi

Umuririmvyi w'Umugiriki yari rurangiranwa, Demis Roussos, yaryamiye ukuboko kw'abagabo afise imyaka 68.

Yari azwi cane ku ndirimbi yiwe Forever and Ever.

We n'abandi baririmvyi nka Vangelis, Roussos yashinze umugwi Aphrodite's Child mu myaka y'1960, asohora urukurikirane rw'indirimbo zirimwo "It's Five O'Clock" na "The Apocalypse of St John".

Mu bihugu bivuga Igifaransa naho nyene bamuzi mu ndirimbo nyinshi, nk'indirimbo "Quand Je t'Aime", ushobora kuraba ngaha.

https://www.youtube.com/watch?v=IOlHPIC4opA

Yabandanije kumenyekana cane aririmba ukwiwe, asohora indirimbo zakunzwe cane nka "Can't Say How Much I Love You" na "When Forever Has Gone".

Yari azwi cane kubera ukuntu ateye hamwe n'inyambaro yiwe yakaka, akaba kandi yari akunzwe cane kubera ijwi ryiwe ryakoresheje mu ndirimbo yo muri film "Chariots of Fire" mu 1981.