Abahungu ba Mubarak barekuwe

Gamal Mubarak na Alaa Mubarak barekuwe uno munsi Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Gamal Mubarak na Alaa Mubarak barekuwe uno munsi

Abahungu b'uwahoze atwara Misiri yatembagajwe, Hosni Mubarak, barekuwe nyuma y'imyaka ine bafatanywe na se.

Abajejwe ibohero bavuze ko Gamal na Alaa Mubarak, bombi basanzwe ari abagwizatunga bakize, barekuwe mu masaka ya kare kuri uyu wa mbere.

Mu ndwi iheze sentare yategetse ko barekurwa mu gihe harindiriwe ko urubanza rwabo ku vyaha vya ruswa, rusubirwamwo.

Se aracapfunzwe mu bitaro vya gisirikare, akaba yarahamwe n'icaha co kunyuruza umutungo wa leta.