Ongwen, umu LRA wa mbere arengutse kuri ICC

Domic Ongwen yari amaze imyaka cumi aronderwa na ICC
Image caption Domic Ongwen yari amaze imyaka cumi aronderwa na ICC

Umugaba w'abarwanyi, Dominic Ongwen, yabaye umuntu wa mbere wo mu mugwi LRA, urwanya leta ya Uganda, arengutse imbere ya sentare mpuzamakungu mpanavyaha, ICC.

Bwana Ongwen yemeje ibimuranga kandi avuga ko yahoze ari umusirikare wa LRA.

Yagirizwa ivyaha vyo guhohotera ikiremwa muntu, ivyaha vyo mu ntambara birimwo kwica hamwe no gushira abantu mu buretwa.

Yafatiwe muri Republique Centre Afriquaine mu ntango za kuno kwezi, haciye imyaka cumi ICC imusohoreye umutahe wo kumufata.

Umukuru wa LRA, Joseph Kony, we gushika ubu ntarafatwa.

Ongwen nawe yaranyurujwe

Dominic Ongwen yabariye umucamanza ko nawe nyene yanyurujwe na LRA akiri umwana muri Uganda.

Mu kwumvirizwa kugufi imbere y'uko urubanza turangura i La Haye, Ongwen yavuze ko yari afise imyaka cumi n'ine igihe yaba umusirikare.

Yagirizwa ivyaha vyo mu ntambara hamwe n'ivyo guhohotera ikiremwa muntu, bijanye n'igitero cagabwe mu nkambi y'impunzi muri Uganda.