Hibutswe imyaka 70 iheze Auschwitz ibohojwe

Inkambi ya Auschwitz aho abantu barenga umuriyoni, bagizwe ahanini n'Abayahudi, bagandaguriwe n'Abanazi
Image caption Inkambi ya Auschwitz aho abantu barenga umuriyoni, bagizwe ahanini n'Abayahudi, bagandaguriwe n'Abanazi

Abarokotse inkambi ya Auschwitz y'Abanazi muri Pologne, biyunze n'abategetsi bo kw'isi mu kwibuka imyaka 70 iheze ibohojwe n'abasirikare b'Abasoviet.

Abahoze bayiboheyemo bashize ingori z'amashurwe mu kibanza abantu umuriyoni, bagizwe ahanini n'Abayahudi, bagandaguriwe hagati y'imyaka y' 1940 n'1945.

Abasirikare n'abamenyeshamakuru binjiye iyo nkambi ubwa mbere ico gihe, bavuze ko babonye impfungwa nyinshi zirushe, zicafuye, basanga imyimba y'abandi irundaniye ngaho.

Abakuru b'amaleta hamwe n'abaserukiye ibihugu vyari vyiyunze mu kurwanya Ubudage ico gihe, bitavye umuhango wabereye mu nyubakwa nini yera.

Iyo nyubakwa y'agateganyo yubatswe hejuru y'inzira ya gari ya moshi, aho Abanazi batororokaniriza impfungwa zigishika bagakuramwo abakomeye bashoye akazi k'inguvu, hamwe n'abaca bacanwa mu vyumba bakicishwa ivyuka vya gaze.