Imbere ha Afrika ntihasa neza mu butunzi

Abakozi bariko barubaka ikiraro muri Tanzania Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Amafaranga atakaza agaciro muri Afrika abangamiye ubutunzi n'iterambere

Icegeranyo gishasha cagabishije ko umutekano w'ifaranga muri Afrika yo munsi y'ubugaragwa bwa Sahara ugeramiwe.

Ico cegeranyo kivuga ko uwo mutekano ugeramiwe n'ukugabanuka kw'agaciro k'amafaranga hamwe n'ukwiyongera kw'amadeni y'amaleta.

Ikigo kijejwe iterambere mu makungu gifise icicaro mu muji wa London mu Bwongereza, kivuga ko ukuntu ubutunzi bwifashe muri ako karere ka Afrika, bisa nk'ivyateje igihombo ku masoko y'imitahe mu bihugu biri mu nzira y'amajambere mu myaka y'1990.

Ico cegeranyo cagiriza amaleta amwe, nk'iya Ghana, kuba yunyura ikibazo mu gukoresha amahera y'ideni mu kwongera imishahara abakozi.

Igihugu ca Nigeria, gitunze kurusha ibindi muri ako karere, cahuye n'ikibazo c'ugukoroka kw'agaciro k'ifaranga ryaco bitewe n'igabanuka ry'igiciro c'ibitoro.