Eugene de Kock yarekuwe muri Afrika y'epfo

Eugene de Kock, azwi kw'izina rya Prime Evil, canke "umubi ruhasha" Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Eugene de Kock, azwi kw'izina rya Prime Evil, canke "umubi ruhasha"

Afrika y'epfo yarekuye Eugene de Kock, yari arongoye umugwi wagandaguye Abirabura benshi mu gihe c'intwaro ivangura ya apartheid.

Umushikiranganji ajejwe ubutungane yavuze ko iyo ngingo yafashwe ku nyungu z'ubwiyunge mu gihugu.

De Kock, azwi mu binyamakuru vyo muri Afrika y'epfo kw'izina rya Prime Evil, canke "umubi ruhasha", yakatiwe igipfungo co guherayo amaze kwemera ko yagize uruhara mu bwicanyi burenga ijana.

Yaremeye kandi ko yakubaguye abantu benshi barwanya intwaro yari yiganjemwo Abanzungu.

Imwe mu miryango y'abo yahohoteye yashimye irekurwa ryiwe, bakavuga ko ari intambwe itewe mu nzira yo kwiyunga.

Ariko abandi bavuga ko yagizwe igitambo c'intwaro ya apartheid, mu gihe abayobozi bakuru b'ico gihe bobo ata wabakozeko.