Imirwano irakomeje muri Ukraine

Isanamu ifatiye mu kirere yerekana ingene ikibuga c'indege c'i Donetsk cononekaye Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Isanamu ifatiye mu kirere yerekana ingene ikibuga c'indege c'i Donetsk cononekaye

Umushikiranganji wa Ukraine ajejwe kwivuna abanshi, Stepan Poltorak, yavuze ko abasirikare 15 bamaze kwicwa mu masaha 24 aheze.

Ngo abo basirikare baguye mu mirwano n'abarwanyi bashigikiwe n'Uburusiya baharanira kwiyonkora mu buseruko bwa Ukraine.

Bwana Poltorak yavuze ko imirwano ikomeye cane cane mu muji ukomeye wa Debaltseve, aho abasirikare ba leta basa n'abagoswe n'abarwanyi.

Bivugwa ko ibuntu muri uwo muji bimeze nabi, bikavugwa ko haguma haterwa ibisasu, nta mazi, ivyuma bishusha vyahagaze co kimwe n'umuyagankuba.

Leta ya Ukraine ivuga ko yizera ko ibiganiro kw'ihagarikwa ry'imirwano bishobora kubandanya i Minsk uno munsi.

Abarwanyi bavuga ko ihagarikwa ry'imirwano rishasha rigomba kwisunga imbibe ziriho, hako hokwisungwa ivyumvikanywe mu kwezi kw'icenda.