Bob Rugurika azoburana apfunzwe

urugendo rw'abasaba irekurwa rya Bob Rugurika
Image caption Abagize urwo rugendo basavye ko Bob Rugurika arekurwa

Sentare nkuru ya Bujumbura yafashe ingingo ko Bob Rugurika ayoboye radiyo RPA aguma mw'ibohero mu gihe urubanza rwiwe rukomeza.

Ariko afise uburengenzira bwo kwunguruza.

Umwe mu bamwunganira, Lambert Nigarura yavuze ko ivyo bagiye kubikora mu masha 48 kuva bamenyeshejwe ingingo ya sentare.

Uwo mushingwamanza yavuze ko ingingo sentare yatanze kugira imugumize mw'ibihero ''zidafashe''.

Urubanza rwari rwashizwe mu mw'iherero ku mbere nyuma yo kwumvirizwa mw'ibohero ry'i Muramvya iyo Bob Rugurika yagiye gupfungirwa inyuma y'iminsi ibiri afatiwe mu gisagara ca Bujumbura ku wa 20 ukwezi kwa mbere.

Umushikirizamanza mu gisagara ca Bujumbura amwagiriza ivyaha bitatu: kunyegeza umwicanyi, kumena amabanga y'urubanza rukiri mw'itohoza hamwe no kudafasha ubutungane.

Inyandruruko n'amatohoza RPA yakoze ku bw'icanyi bw'ababikira batatu b'abataliano biciwe kuri paroisee Kemenge mu kwezi kw'icenda.

Gushika ubu umuntu umwe niwe yafashwe icese akurikiranwa kuri ubwo bwicanyi.

Radiyo yavugishije uwundi yiyemerera ko yagiye mu manama yo gutegura iryo gandagurwa.

Kuri uyu wa kabiri Abamenyeshamakuru hamwe n'abanywanyi b'amashirahamwe adaharanira inyungu za politike barenga ijana bagize imyiyerekano kuri uyu wa kabiri basaba irekurwa ry'umumenyeshamakuru yagirizwa kunyegeza umwicanyi.

Barugize berekeza imbere y'ibiro vy'umushikirizamanza mukuru(parquet general) i Bujumbura.

Urubanza rwabereye mw'ibohero rya Muramvya iyo Bob Rugurika yaciye aja gufungirwa haheze iminsi afashwe.

Mu ntahe yo ku wa mbere , abunganira Bob Rugurika bashikirije sentare urupapuro rurerure rwerekana ko amategeko y'uburundi na mpuzamakungu aha Bob Rugurika uburebganzira bwo kuburana yidegemvya.

Ariko umushikirizamanza nawe yasiguye ko uwo mukuru wa RPA akurikiranwa nk'umunyagihugu asanzwe ari naco gituma yoguma apfunzwe kugira ntasubire kugira aho ahurira n'uwo mwicanyi.

Abamwunganira bo bemeza ko apfunzwe kubera akazi kiwe.

Ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu Human Rights Watch risaba abategetsi b'Uburundi gusubiramwo iyo ngingo.

Rivuga kubandanya gupfunga Bob Rugurika ari uburyo bwo kuzivya imenyeshamakuru.