Incanco za Ebola zatanguye kugeragezwa muri Liberia

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Ebola imaze kwica abantu barenga ibihumbi 8 cane cane muri Liberia, Sierra Leone na Guinee

Iyo miti ishobora gukinga Ebola yajanywe mu ngingo z'umutekano mwinshi mu kibanza cagumijwe mw'ibanga aho muri Liberia.

Abahinga bafise umugambi wo gukingira abantu ibihumbi 30 ku bushake bwabo, harimwo abakozi bajejwe amagara y'abantu.

Abantu barenga 8.500 baramaze guhitanwa na Ebola kuva yadutse, benshi bakaba baguye muri Guinee, Liberia na Sierra Leone.

Igitigiri vy'abafashwe na Ebola bose ni 22.000.

Muri Liberia honyene, abarenga 3.600 barishwe n'iyo ndwara.

Ariko igitigiri c'abafatwa n'iyo ndwara muri Liberia ubu kiriko kiragabanuka cane, abantu bane bonyene akaba aribo vyemejwe ko banduye mu ndwi yo gushika ku 25 z'ukwezi kwa mbere.

Ku bw'ishami rya ONU rijejwe amagara y'abantu OMS, ico kiza ubu kiri ''mu ntambwe ya kabiri'', ubu ishimikiro rikaba riri mu kugerageza kugituza.