Sentare mu Misiri yemeje ibihano vyo gupfa

Kerdesa Uwufise ububasha kw’isanamu none
Image caption Abayoboke amajana n'amajana ba Freres Musulmans barapfunzwe kuva habaye igitero ku gituro c'aba polisi Kerdesa

Sentare mu Misiri yameje ibihano vyo gupfa vyaciriwe abantu 183 vyo mu mugambwe w'aba Freres Musulmans ku gitero co mu 2013 ku gituro c'aba polisi hafi ya Cairo.

Abo bagabo bagiriwe no kuba bishe nibura abapolisi 11 ahitwa Kerdasa.

Ico gitero cabaye inyuma y'aho igisirikare ca Misiri kigwanirije imigumuko yari itumwe n'ikurwa rya prezida agendera ku vyiyumviro vya ki Islam Mohammed Morsi mu kwezi kw'indwi.

Abantu amajana n'amajana bashigikiye Morsi baraciriwe imanza zo gupfa kuva ico gihe ariko nta na rumwe rurakurikizwa.

Abarenga 140 kw'i 188 bari mu rubanza rujanye na Kerdesa basanzwe bari mu munyororo mu gihe abandi baciriwe urubanza atariho bari.

Iyo sentare yaciriye kandi umunyororo w'imyaka 10 umwana afise munsi y'imyaka 18 hanyuma yambika izera abandi babiri.

Urwo rubanza rwaciwe bimaze gusabwa n'umutegetsi mukuru mw'idini, Grand Mufti, ariko abaruciriwe bashobora kwunguruza.