FDLR: Kisangani hari ''ikibazo c'ivyo kurya''

FDLR Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Itariki ya 2 ukwezi kwa mbere niyo yari yahawe aba FDLR bose kugira basubize ibigwanisho canke bavyakwe ku nguvu

Abarwanyi ba FDLR bamaze kwitabira igikorwa co gushira hasi ibirwanisho ku bushake bavuga ko bafise ikibazo c'ivyo kurya.

Bamwe mu bamaze kwitaba uwo mugambi bajanywe mw' ikambi yo kwegeranirizwamwo i Kisangani.

Uwuvuga ko ariwe ajejwe abo barwanyi mw' ikambi, avuga ko abaserukira ubutegetsi bw' intara bababwiye ko batazokongera kubaronsa ibifungurwa bibisi vyahabwa buri mu ryango kugirango wikinjikire, ahubwo bashaka ko bateka hamwe bakagabura ibihiye.

Faustin Mugisha avuga ko ivyo batavyumvikanyeko kuko bishobora ngo kubazanira ibibazo vy' uburwayi.

Avuga ko buri mu goroba buri muryango wahabwa ivyo kurya bigrimwo umuceri, ifu y'ibigori canke y'imyumbati bakagerekaho ibishyimbo,''ivyo nivyo biribwa bidutunze muri aya mezi abiri tumaze hano Kisangani''.

Mugisha avuga ko abategetsi ba Congo bababwiye ko bafise ikibazo c'amafaranga yo kubagaburira kuko MONUSCO na SADEC ataco bariko barabafasha kandi baravyemeye.

Avuga ko kubera iyo mvo ku wa 28 ukwezi kwa mbere bababwiye ngo bakore igikoni rusangi bagabure ibihiye, baravyanka nabo abategetsi baca bahagarika kubagaburira.

Itariki 2 ukwezi kwa mbere niho harangira ikiringo c'amezi 6 cari cahawe aba FDLR kugirango basubize ibigwanisho ku gushaka kwabo canke bavyakwe ku nguvu.

Abo bari i Kisangani n'abitavye akamo muri ico kiringo. Ariko ntivyakomeje.

Ingabo za Congo zemeza ko kuva ku ndwi iheze zatanguye ibitero vyo kwaka ibigwanisho abasigaye.

Aba FDLR bafise ibigwanisho baharugwa ko boba barenga 1500. Ariko hamwe n'imiryango yabo baharugwa mu bihumbi amajana.