Abana bavuye ku bavyeyi 3?

mitochondrie Uwufise ububasha kw’isanamu spl
Image caption Mitochondries z'umugore wa mbere zifise utunenge kamere umwana aheza akavukana zisubirizwa iz'uwundi mugore zikomeye

Abashingamateka mu Bwongereza bemeje itegeko ry'uko havuka abana bafise intangakamere ADN (canke DNA mu congereza) ivuye ku babgore babiri n'umugabo umwe.

Ubwo iryo tegeko ryatorwa mu nama nshingamateka ariyo House of Commons, 382 bemeje, 128 baranka ubwo buhinga bwbuza ko indwara kamere ziva kumuvyeyi zikaja ku mwana.

Igihe ikibazo cariko kiraharirwa, abashikiranganji bavuze ko ubwo buhinga ari ''nk'umuco ku mpera z'umwobo'' ku miryango.

Ubu Ubwongereza bugiye kuba igihugu ca mbere gishinze amategeko yamera ko haba abana bavuye ku bantu batatu.

Hategerezwa kuba irindi tora mu nama nkenguzamateka ariyo House of Lords.

Hamwe vyose vyogenda neza, umwana avuye ku bantu batatu ashobora kuba yavutse mu mwaka uza.

Ubwo buhinga bwateguriwe muri Newcastle, buzofasha abagore nka Sharon Bernardi wo muri Sunderland, yabuze abana biwe bose uko bari indwi kubera indwara ziturutse kuco bita 'mitochondrie'.

Bituma abana bavuka babanje gutegurirwa muri laboratoire ivyo bita Fertilization in Vitro hakoreshejwe indangakamere ADN ya nyina, iya se n'iyuwundi muntu agira gatatu.

Uwo agira gatatu n'umugore atanga ico bita mitochonderie ziba zikomeye zigasubirira iz'umugore wa mbere ziba zitameze neza kugira hirindwe indwara zimwe zimwe umwana yoheza akavukana.

Abagwanya ubwo buhinga barimwo imigwi y'abemera bavuga ko buteye ikibazo ku bibereye gukorwa n'amakenga ku ngaruka bushobora gutera.