Guinee Equatoriale yaciwe ihadabu rya $100.000

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Igice ca mbere kirangiye abakinyi ba Ghana bavuye mu kibuga bakingiwe n'abapolisi

Urwego rujejwe umupira w'amaguru muri Africa (CAF) rwaciye Guinee Equatoriale ihadabu ry'ama dollars 100.000 kubera aba fana bayo bigenjeje nabi.

Hari kuri uyu wa kane mu rukino rwahuje ico gihugu na Ghana muri demi-finale y'igikimbe ca Africa mu mupira w'amaguru.

Guinee Equatoriale yategetswe kandi kwishura amafaranga yo kuvuza aba fana ba Ghana bakomeretse muri iyo ntureka.

CAF ivuga ko abantu 36 barakomeretse, 14 bakaba barajanywe mu bitaro

Urukino wa demi-finale rw'igikombe ca Africa mu mupira w'amaguru hagati ya Ghana na Guinee Equatoriale ari naho izo nkino ziriko zirabera ''rwahindutse urubuga rw'intambara'' inyuma yo guhagarikwa iminota 30 kubera intureka itewe n'abarorerezi.

Abakinyi bazibukiye amacupa atewe n'abari mu bwugamo, aba fana ba Ghana barahungiye iruhande y'igoli, abapolisi barakoresha ivyuka bikoroza amasozi, kajugujugu nayom irakizura mu kirere.

Urwego rujejwe umupira w'amaguru muri Ghana(GFA) rwanditse kuri Twitter ngo''habaye nko ku rubuga rw'intambara'', ruvuga ko hari ''inyifato y'ubunyamaswa'', ariko umukuru warwo akaba yashimye ko imana yakinze ata muntu yahasize ubuzima.

Aho urukini rusubiriye, Ghana yatahukanye intsinzi ya 3-0 gutuyo ishika mu rukino rwa nyuma ruzoba ku wa mungu aho izokina na Cote d'Ivoire yatsinze Congo Kinshasa 3-1 ku wa gatatu.

Image caption Bimwe mu vyatewe mu kibuga umunyamakuru wa BBC Piers Edwards yanduye

Umukuru wa Ghana FA Kwesi Nyantakyi yagirije abafana ba Guinee Equatoriale ''ibikorwa vy'agasomborotso ataco bivuyeko'' imbere muri stade.

Intureka yatanguye harangiye igice ca mbere c'urukino.

Abakinyi ba Ghana bagiye bakingiwe n'abapolisi bagwanya intureka bakoresheje inkinzo za plastic ubwo bariko barava mu kibuga, aho bakaba bari baja bafise 2-0.

Igice ca kabiri cacerejwe iminota 8 imbere yo gutangura igihe abafana ba Ghana bahungiye mu kibuga kubnera bariko bahohoterwa.