Abategetsi ba Bulaya bahagurukiye ikibazo ca Ukraine

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Intambara mu bumanuko bushika ubuseruko bwa Ukraine imaze guhitana abantu barenga 5.000

Prezida w'Ubufaransa Francois Hollande na ministre wa mbere w'Ubudagi Angela Merkel bitezwe kugira ibiganiro i Moscou kugirango barabe ko horangira yo muri UKraine yarushirije gukomera.

Ubwo ivyo biganiro vyitezwe, icegera ca prezida wa Amerika Joe Biden yagirije Uburusiya ''kubandanya gukomeza intambara'' kandi ko ''bwirengagiza amasezerano ayariyo yose''.

Bivugwa ko hatanguye agehengwe mu ntambarakugira aba civil bashobore kuva Debaltseve, akarere kari hagati aho intambara iriko irabera.

Uburusiya bwagirizwa guha ibigwanisho abashaka kwiyonkora ariko bukabihanaka.

Uburusiya burahakana kandi ivyemezwa n'ibihugu vya Bulaya ko hari ingabo zabwo zirwana ku ruhande rw'abashaka kwiyonkora mu buseruko bw'intara Donetsk na Luhansk.

Iyo ntambara imaze guhitana abantu hafi 5.400 kuva mu kwezi kwa kane, ku bwa ONU.

Amasezerano yo mu kw'icenda, yasinyiwe Minsk muri Belarus, yarananiwe no guhagarika intambara. Kuva ico gihe abagwanya leta ya Ukraine maze kwigarurira utundi turere, bikaba bihagaritse umutima Ukraine n'abayishigikiye.

Ku wa kane ministre wa Amerika ajejwe imigenderanire Kohn Kery, ari I Kiev,yavuze ko Uburusiya butegerezwa gukura ibigwanisho vyabwo muri Ukraine hanyuma bukareka Ukraine ikagenzura imbibe zayo.

Yavuze ko preziza Obama azofata ingingo vuba niba hari ibigwanisho Amerika yoha Ukraine. Abategetsi b'Ubufaransa n'Ubudagi nabo bari I Kiev aho bajanye umugambi mushasha w'amahoro imbere y'uko ejo baja I Moscou kurondera ko wemerwa n'uburusiya.

Prezida w'Ubufaransa Francois Hollande yavuze ko ajanye muri Ukraine na ministre wa mbere w'Ubudagi Angela Merkel gushikiriza umugambi mushasha w'amahoro.

Francois Hollande yavuze ati: '' Ukraine iri mu ntambara. Ibigwnaisho bikomeye birakoreshwa kandi aba civil baricwa buri munsi,''.

Yavuze ko uwo mugambi mushasha w'amahoro ushingiye ku kwubahiriza igihugu ca Ukraine uko kingana cose'' ushobora ''kwemerwa na bose''.

Umuvugizi wa Kremlin yameje ko prezida Putin azokwakira abo bategetsi babiri ku wa gatanu kugira bavugane ''inzira ya hagufi ishoboka yo kurangiza ikibazo mu bumanuko bushira ubuseruko bwa Ukraine''